Uwutaratembera agira ngo nyina acumba bunini!

Kimwe mu bintu nibaza bibuza abantu gutera imbere ni kwibaza ko batari ku rugezo rumwe n’abandi: hari abishira hejuru, hakaba n’abikengera. Ingaruka zo kwifata mu buryo bumwe canke ubundi nibaza ko ari imwe: kudatera imbere. Naho boba bamaze gutera intambwe, abishira hejuru ndibaza ko ukwo kwishira hejuru kwabo gushobora gutuma bibaza ko “bashitse” bigatera ka kariro ko gushaka gushika imbere kurusha kazima; abikengera nabo bakibaza ko bashobora gutera imbere gato, ariko ko hariho aho batemerewe kurenza.

Jewe ndakunda gutembera. Iyo ntagiriwe ubuntu ngo ndonke uwundungika, ndiyungunganya kugira nshobore gushika mu yindi mihingo y’igihugu canke y’isi, nje kuraba ibiharangwa n’ingene abantu baho babayeho. Aho maze gushika henshi hanze y’igihugu harateye imbere kurusha Uburundi. Mu bintu nkunda kwihweza, ni ingene abantu bifata canke bigenza mu vyo bafise, ugereranije n’ingene abarundi, oya, reka mvuge abanyabujumbura, twifata mu vyo twe dufise. N’iyo nduze ruguru, ukwo kugereranya ntikubura. Biri intéressant kubona ikintu dufata nk’igihambaye cane iwacu, ahandi bakibona nk’igisanzwe cane… ou bien l’inverse. Canke ugasanga hari inyifato canke ingendo bamwe bafata nk’ugushikuza, kutagira umuco, iwacu ataco ivuze canke isanzwe. Nk’akarorero, birantwenza cane iyo mbwiye abantu bo mu yindi mihingo y’isi (no muri Afrika) ko nkunda brochette y’ururimi, bagaca bashishwa. Ariko, ni yo réaction ngira iyo mpuye n’umuntu arya inyama y’imbwa – aho hiyo mu Buchinois niyo bazimana umushitsi w’iteka!

Mu minsi iheze narafashe urugendo ngenda n’indege. Ikibanza nicayemwo ni bwo bwa mbere nari ndacicayemwo kuva aho nakagendeye mu ndege. Nicaye mu kibanza kiri tout juste inyuma ya Business Class (ariko muri Economique). Narashobora kubona neza ubwoko bw’abantu bari bicaye muri Business Class (iyo batugaye akarideau kahatandukanya n’aho twebwe abanyagihugu “batobato” twicara). Sinahora nitaho kubaraba, ariko, sinzi igituma, nari narishizemwo ko aba ari abantu bahambaye cane, badasanzwe. Bon, kimwe mu bituma ngira iyo réflexion ni kubera nzi ko ikibanza kimwe co muri Business usanga kigugwa hafi ibibanza vyo muri Economique bibiri. Muri iyo ndege narimwo, Business yari yicayemwo abantu b’ubwoko bwose, b’imyaka yose: abakuru n’abato, benshi bahicara nk’ukumengo biyicariye mu ma salons y’i muhira iwabo. Bari abantu basanzwe nyene (bamwebamwe bari bambaye na nabi mbere) wocako mw’ibarabara ukirenganira. Ntibasa canke ntibifata nk’ibihangange, naho nyene bahindukiye naca nibwira ko hari ico bandushije kubera bicayeyo nanje ndi muri moins chère.

Ivyo vyantumye kwibaza ingene nokwifata hamwe noronka akaryo nanje ko kwicara muri Business. Ikintu ca mbere naciye nibuka n’uko ako karyo nshobora kukaronka vuba kurusha uko nahora ndavyibaza gatewe na upgrade nshobora kuronka kubera amanota y’ingendo (Frequent Flyer Miles) maze kwegeranya kandi mbandanya negeranya. Ariko nticobuza ko umunsi nohicara abombona nicayeyo bogira ngo narujuje ibifaranga muri compte, naho shwi, nk’umugenzi ari hano yambonye nifotoreje ahantu hamwe, ntamenye ko kugira ndahashike uburyo butavuye mu mufuko wanje. Mbe jeho nshitse muri Business nokwifata gute? Ico nzi co ni uko nokwiyaranja au moins abagenzi banje bakabimenya! Uburyo ni bwinshi: check-in kuri Facebook canke Foursquare ndi muri Business Lounge muri airport, canke agafoto kuri Instagram canke Whatsapp nicaye mu ndege. Uwutobikora, canke uwutarabikora antere ibuye rya mbere!

Hari ikindi kintu cantwengeje ndi mu mahanga. Nari maze kukibona, ariko sinari bwaciyumvireko. Nagiye mbona, kuri télévision, umugabo w’umuzungu asa neza kandi yambaye neza ariko arigirira publicité aranga ses services zo gushobora kuvugana n’abapfuye no kubona muri kazoza k’abantu. Nkimubona naramwumvirije avec attention kubera ukuntu yari bien présenté hanyuma nca ndatora ubwenge quand j’ai réalisé ko ari umupfumu! Umupfumu w’umuzungu! Naradutse ndatwenga! Kimwe mu vyatumye ntwenga ni ukuntu iwacu ubupfumu twishizemwo ko ari ibintu biri dépassé, vy’igipaysan, vyo mu bihugu bidateye imbere kandi bitazopfa biteye imbere ivyo bintu “bifatiye ku bujuju bw’abantu” bidahagaze. Ariko rero, isinzi ry’abaintellectuels kw’isi nzima bazinduka basoma ico ibirere bivuga k’ukuntu indwi yabo izogenda… bimwe bita ngo ni horoscope. Burya si ubupfumu ga yemwe? Aho butandukaniye n’ubupfumu bw’ikirundi n’uko bwobwo bwanditse, buri “intellectuel”… Ntimugire ngo ndiko ndavugira ubupfumu; haba namba! Ngomba kwerekana gusa ingene biri ridicule ukuntu ubupfumu buri mu bintu abanyamahanga, canecane abava mu bihugu biteye imbere, bahora bafatirako ngo kugira bagaragaze ko tudakwije ibisabwa kugira dutere imbere… kandi natwe kenshi tugaca tuvyemera bikadutera kwikengera… Mbe burya iterambere ni iki? Rihagaze kuki? Ku bintu, ku migenzo, ku bwenge? Risaba iki?…

Hariho umugenzi aheruka gutahuka ava kwiga hanze. Yarantwengeje ambwiye abantu bahuye ariko aritemberera n’amaguru (nta modoka afise) bamubajije ingene avyubahuka kandi ari umuarrivage. Ntarinze kuba ndabitebako ivy’aba arrivages, twese turazi ko hariho ama positions sociales umuntu ashikako atuma ahindura inyifato… ubuarrivage ngo buri muri ayo! Uko guhindura inyifato kuva ku bintu vyinshi, kandi hari igihe kuba gukenewe: nk’akarorero, iyo umuntu abaye nyenurugo ntiyobandanya yigenza nk’umusore. Ariko rero hariho ama comportements amwamwe ari ubwirasi nako ubujuju… uburorero? Hmm, nimubwitorere na mwe! Ariko kenshi afatiye kukwishira hejuru, kugendera ku bantu no kutabasonera… igitwengeje canke ikibabaje ni uko usanga abo birasi ubwirasi bwabo bufatiye ku bintu bisanzwe cane, naho iwacu tuba tubona ko ari ibintu bikomeye.

Aho nakavugiye rero muti nshaka gushika kuki? Nk’uko nabivuze kare, ndibaza ko hariho ibintu bishobora gutuma abantu bishira hejuru canke bikengera, bitari bikwiye, ivyo bikabatesha gutera imbere. Muri ivyo bintu harimwo ivyo twita ingorane, duhereye mu ntwaro (igiturire kiba hose, ntibaze bababeshe!) gushika mu mibereho ya minsi yose. Aha ndiko ndanavuga ku vyerekeye imico: nta muco numwe udahinduka bitewe n’ibihe. Akarorero koroshe cane nobaha ni imyambaro twita imvutano. Jewe nkiri umwana, nahora numva ngo nta mukobwa akiri isugi (canke ataraja mu bihe) yambara imvutano, ariko ubu turahura n’utwana tw’imyaka itanu twavuse tukabifata nk’ibisanzwe. Canke hoho, ko tuzi ama tissus yazanywe n’umuzungu, kera baravuta?

Hariho umurongo wo muri Bibiliya nkunda cane uvuga ngo: “il n’y a rien de nouveau sous le soleil” (Ecclésiaste 1: 9) – nta kintu gishasha munsi y’izuba! Ibintu twita vyiza aha ni ibisanzwe ahandi, ingorane dufise aha zarabaye ahandi kandi barazitorera inyishu. Aho hiyo hariho aba mama batagicumbira ku mbabura ariko bafise ama plantes industriels acumba ubugari bugaburira ibihumbi n’ibihumbi! Burya iyo umuntu aaze gufata ibintu bitagenda nk’ibisanzwe, atari muri sens yo kuvyemera ariko yo gutahura ko bishika, bishikira abandi, kandi bishobora gukosorwa (dans la mesure du possible), umuti uba utanguye kuboneka. Niko nibaza… N’abakera barayamaze ngo ibuye iyo riserutse ntiriba ricishe isuka! Abanyepolitike barya ibiturire, abagwizatunga bari véreux, services clientèles zimeze nabi, aba M23 (ba bakobwa, apana abagwanyi), n’ibindi n’ibindi si spécialités z’i Burundi gusa… biba hose (ahubwo hari ahari bibi kuruta) kandi ntibibuza ibihugu gutera imbere… Ariko muri ivyo bihugu abantu ntibaguma bicaye bidoga baganira ingene “isi yameze amenyo”… Barahagurukira ibibazo vyabo bakabitorera umuti uko bashoboye! Hama iyo ibintu bigenze neza, ntibaca bicara ngo baramvye amaguru batangure kwiyemera… baguma biga ingene botera imbere kuruta! Muri ukwo kwiga, harimwo gutohoza no kubaza abandi ingene ingorane bahuye nazo bazitoreye imiti… Sivyo none?

Advertisements

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s