Ni kuki dukunda agapfa?

Sinzi ahantu nariko ndirenganira mu minsi iheze, nza numva umuntu ariko aridoga ko bamutumye kugenzura abadandaza bamwebamwe ko bakora neza bisunze amategeko abagenga. Icamubabaza ni uko ngo kubera amaze iminsi adakora, azohava asanga nya badandaza baritunganije hama abure amakosa abatora. Hah! Ntaco navuze ariko muri jewe naciye nibaza nti, none burya bwose akazi akora ni ako gufata abantu bari mu makosa, canke ni ako kurinda abantu gukora amakosa?!

Yanyibukije ukuntu abapolisi bababara iyo bagufashe bagasanga urakwije ivya ngombwa. Aho aba ari imbere yo kukubwira ngo: “basi raba ico udusigira co kudukiza iri zuba“… “Basi” isigura ko tubuze iyo tugukura… Rimwe na rimwe birantwenza, ariko kandi birababaje kubona abantu bari bajejwe kuducungerera umutekano aribo batubuza amahoro. Birababaje ingene umutima usimba iyo ndababonye mw’ibarabara, ugasubira mu nda iyo nshoboye kurengana batampagaritse, naho mba nkwije ibikenewe vyose. Barastresana wana!

Hari umugenzi wanje yagerageje kunsigurira igituma abapolisi baryoherwa no guhana kurusha iyo babonye umuntu akurikiza amategeko. Yambwiye ati ni kugira bajustifié igituma bahari. Ngo ni nka kurya umu surveillant aryoherwa iyo afashe umunyeshure ariko ariba ikibazo. Ils sont là pour arrêter, pas pour prévenir… Bisigura ko iyo rirenze atawe bafashe ataco baba bakoze. Ubwo murumva iryo bara? None ni ivyo babigisha mw’ishure? Je nibaza ko ama termes de référence yabo akwiye gusubirwamwo kweri.

Eka noneho ntibiri mu bapolisi canke mu basurveillants gusa – canke muri ba baprof  baryoherwa no kuyobeza abanyeshure. Katurimwo twese! Ninde muri mwebwe atarihutira kurondera uwo ‘atera inkuru’ y’ikintu atari ciza gihejeje gushikira mugenzi we? Kuvuga urusaku mu yandi majambo? Niko duhora tunyaruka gutanga inkuru nziza? Canke ninde atakorokeye kuri Facebook kumenyesha amakungu ko “BRB iriko irasha” mu minsi iheze, kandi ataho iriko iraja? Aho simvuze abashizeko amafoto tutazi iyo bavunduruye y’amazu yatokombeye. Ni bangahe muri abo mwigeze mubona batangaza amakuru y’umurwi waserukiye Uburundi wabaye uwa kabiri mu rukino rw’isi yose rw’umupira w’amaguru ruhuza imigwi y’abana bahoze baba mw’ibarabara, rwabereye muri Brésil? Aho wosanga ata n’ivyo mwari muzi. Mu minsi iheze nararonse ubutumwa nka bungahe bunsaba kwerekana umubabaro mfise ko Pierre Claver Mbonimpa afungiwe ubusa, ariko nta butumwa nigeze ndonka bumbwira kuja gutegera uwo murwi w’abana igihe bataha. Ni kuki tuba mobilisés iyo habaye ibintu bibi kuruta iyo habaye vyiza? Hari kantu bandungikiye kuri whatsapp kitwa ngo les “10 commandements d’un intellectuel burundais”: harimwo “une journée sans mauvaise nouvelle ou polémique est une mauvaise journée”, na “une bonne nouvelle doit toujours être accueillie par un ‘oui… mais…'”… uvyiyumviriye neza usanga ariko tumeze, but really though?!

Actually, uwatumye mba inspiré kwandika ibi ni umunyeshure wo muri Kaminuza y’Uburundi numvise abanyeshure bagenzi biwe bamusavye ko yoja muri Comité yashizweho kugira yige ibibazo bimwebimwe, igaha intumbero ama grèves. Mwanyumvise neza? Umurwi wo guha intumbero ama grèves! Urumva rero, aho kwiyumvira ukuntu ibibazo bihari vyokemurwa hatarinze kuba uruhagarara, hashizweho umurwi utegura uruhagarara… ngo uruhagarara rufise intumbero mama! Ni comité ifise aba membres, ikorana kugira itegure za yegereyegere… Ni hatari kweri! Canke ngira numvise nabi?

Urumva bamwe muri twebwe turonkera satisfaction mu gufata abantu bari mu makosa, kugwiza inkuru mbi (rimwerimwe zitari na vérifiés), abandi nabo baba bariko bategura ingene badurumbanya ibintu. Murazi ko izi ari signes za frustration? Mawe niwe akunda kumbaza ko ndi déprimé iyo ndiko nkora ibintu adatahura. Abarundi turi déprimés none? Kuber’iki dukunda agapfa? Kuber’iki ‘dushuha’ iyo ibintu biriko bigenda nabi? Ukuntu tunyaruka gukwiza inkuru mbi mwobisigura gute?

Ndavuga simvura murantunga!

Advertisements

One thought on “Ni kuki dukunda agapfa?

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s