Umwana w’abatutsi

This Burundian Life

Vyanditswe na Karl-Chris Nsabiyumva

Ndiko ndabona ukuntu woba wuguruye aka gakuru bitewe n’ijambo ry’umutwe gusa! Haha! Iyo umuntu amaze igihe “yireshangishwa” (amajambo ya mawe, ariko aravuga ivyo nkunda kuyagira hano) ku ngurukanabumenyi (Internet), aramenya ibintu abantu bakunda gusoma. Mu bintu abarundi bakunda, harimwo ibivuga ibijanye n’ubwoko; nico gituma ntakekeranya ko aka gakuru gahava gasomwa na benshi! *NNG* (Ndishwe n’agatwengo)

Mu minsi iheze hari umuntu yanditse igisomwa caryoheye benshi citwa “Why this Hutu Tutsi thing still bothers me. Na jewe ku bwanje caranryoheye kandi naratahuye cane amasentiments yiwe kuko na jewe narayagize kandi mpora ndayagira. Eka n’uno musi nayagize (ni naco gituma nanditse), igihe nagiye numva umuntu ambwira ngo “personne ne vas prendre ton blog au sérieux nihaguma handika abatutsi gusa” Nanje nti “Abatutsi? Ubwoko bw’uwanditse ubumenya gute atabuvuze?” Nari maze kubwirwa ko handika abana bo mu “kizungu” (mu gisagara, no hanze y’igihugu) gusa, ariko…

View original post 837 more words

Advertisements

One thought on “Umwana w’abatutsi

  1. Urasuburiye kwireshangishwa…. Reka ndakwunganire gatoyi. Le monde est trop spirituel kuruta uko tubitahura. Il ya deux esprits qui dirigent ce monde : La haine et l’Amour. Bisigura ko ico umuntu cose akora, avuga, yiyumvira, yandika aba afise impwemu( haine ou Amour) iri muriwe imukoresha abishaka canke atabishaka. Ivyamwa vya la haine : ishari, inzigo, ubugunge, igono, akangonongono, kudashira ipfa, (insatisfaction), ukutihangana. Ivyo navyo bivyara kubura amahoro n’umunezero. Ivyamwa vya Amour : umunezero, amahoro, ukwihangana, ubugwaneza, douceur, maitrise de soi. Nico gituma hari abantu, bize, donc baciye ubwenge, batunze, mugabo kubera buzuye l’esprit de haine, nta mahoro, nta munezero…, Hari abatize, batunze bike, ariko kubera buzuye l’Amour, bari amahoro kandi bafise umunezero. Ivyo vy’amazuru n’ubwoko , intara, ni théorie pour justifier, habiller l’Esprit de haine. Mbega Gahini ntiyishe Abeli kandi bavukana. Rero muhungu senga, wongere usenge, usengere le Burundi, na’abarundi kuko impwemu ya haine ntawe itinya gutera, donc kwinjira (dans tout cœur iri prédisposé y’ukuyakira). Iyo uganira n’abantu uzohore ugerageza gutahura impwemu ibakoresha ( si c’est l’Amour ou la haine), hama usenge Imana, kuko les apparences sont trompeuses. Abarundi baragoye cane, ibikorwa vyabo bisa neza, bavuga neza avec douceur ( le kirundi est très doux), baramukanya neza ngo « amahoro », baragandarana n’uwabuze. Ariko, ariko impwemu ibakoresha ni iyihe ? Only God knows.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s