Nyamurere Oscar

Iyo nanditse mu Kirundi

This Burundian Life

Vyanditswe na Karl-Chris R. Nsabiyumva

Nyamurere Oscar yari umunyeshure w’akarorero: yama aba muri batanu ba mbere, mw’ikarashishi nta uwamugera inyuma, yararirimba muri chorale, eka no muri théâtre yarabica bigacika! Umuyobozi w’ishure, abigisha, abanyeshure… bose baramukunda kandi bakamushima!

Ariko Nyamurere Oscar yari afise ikibazo mu mutima iwe: yaribaza ukuntu yoshobora gushika mu gisagara ca Bujumbura bikamusiga. Ahantu yari amaze gushika kure hari ku mugwa mukuru w’intara avukamwo. Yahora yumva amakuru y’i Bujumbura, akabona n’ukuntu abahorayo baza bayagayaga basa nk’ababaye bashasha, akipfuza icohamushikana! Ni uko Nyamurere Oscar yibwira mu mutima iwe ko atoheza umwaka w’icumi adashitse i Bujumbura na rimwe. Ni uko amaze kwiga umugambi w’ukuntu yoshikayo, yegera umuyobozi w’ishure :

–  Nyamurere: Nyakwubahwa Diregite, jewe ndahanzwe n’indwara y’amaso. Amaso aranrya, eka no ku kibaho sinkibona neza! Kugira nimure ndinda kurabira ku munyeshure twicarana. Ndumva ko ntivujije vuba bishobora kungora mbere n’ikibazo ca Reta turiko turitegurira kikananira. Nari nje kubasaba uruhusha rwo…

View original post 710 more words

Advertisements

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s